Robin van Persie muri Manchester United

Ibiherutse kuvugururwa: 16 ukwa munani, 2012 - 13:54 GMT
Robin van Persie

Robin van Persie agiye muri Man United

Sir Alex Ferguson yemeye gukora ivyo atari asanzwe agira kubera umukinyi w'impano zidasazwe.

Uwo mumenyereza wa Manchester United yaretse ingendo yiwe yo kugura abakinyi bakiri bato mu kwakira Robin van Persie.

Azotanga miliyoni 24 z'ama pound yongere ahe umushara mwiza uwo mukinyi wa Arsenal afise imyaka 29 imaze imyaka ibiri aba umukinyi wa mbere.

Kuri Arsenal, van Persie azoshiga igihengeri kinini kuko niwe yari kiremesga muri uwo mugwi.

Abashigikiye iyo migwi ikebana ubu bamwe banezerejwe no kuronka umukinyi abaha icizere gishasha-aho ni muri Man United-mu gihe muri Arsenal ho babajwe no guhomba uwundi mukinyi inyuma ya Cesc Fabregas na Samir Nasri nabo bagiye muri iri ici.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.