Afrika y'epfo: Abakora mu birombwe basabwa gusubira ku kazi

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa munani, 2012 - 13:07 GMT
Jaco Zuma ariko araganiriza umukozi yakomeretse

Jaco Zuma ariko araganiriza umukozi yakomeretse

Abimba ubutare bwa platine muri Afrika y'epfo bari muri yegereyegere bahawe uwundi munsi umwe ngo babe basubiye ku kazi ku kirombwe ca Marikana.

Ikigo kijejwe ico kirombwe, LonMin, cari cavuze ko kizokwirukana uwo wese atazoba yatonze ku kazi kuri uyu wa mbere.

Ariko ico kiringo cigijwe ku munsi w'ejo nyuma y'ibiganiro n'amashirahamwe y'abakozi.

Abantu 34 bararashwe n'abapolisi kuwa Kane uheruka bivuye ku kutumvikana ku bisabwa n'abo bakozi.

Umukuru w'igihugu ca Afrika y'epfo, Jacob Zuma, yatangaje ko hazoba indwi y'icunamo kubera abo bapfuye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.