Africa y'Epfo yasabiye abishwe n'igipolsi

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa munani, 2012 - 14:06 GMT
Ababuze ababo Marikana

Ababuze ababo Marikana

Abantu ibihumbi n'ibihumbi muri Africa y'epfo bitavye igisabisho cabereye ahimbwa ubutare bwa platine hitwa Marikana hiciwe abantu 34 barashwe n'abapolisi igihe bari muri yegereyegere yo gusaba kwongerwa umushahara ku ndwi iheze.

Ico gisabisho cahagaze akanya gato igihe haza abimvyio amajana n'amajana bari muri yegereyegere ,bamwe muri bo bitwaje imipanga.

Ibindi bisabisho biriko birabra muri Africa y'Epfo yose.Abapolisi n'abanyepolitike ntibavyitavye cane.

Prezida Jacob Zuma Jacob Zuma yasohoye urwandiko rw'ibizokwiosungwa n'umugwi ugiye kuzotohoza kuri ubwo bwicanyi.

Abacamanza batatu bazotohoza ku nyifato ya bene ico kinogo c'ubutare ca Lonmin, iy'igipolisi ca Africa y'Epfo carashe abantu 34 bagapfa, i'amasendika z'abimvyi hamwe n'iya leta.

Prezida Zuma yaraneguwe eku buryo atihutse kugira ico akoze kuri ubwo bwicanyi , mbere bamwe mu batavuga rumwe na leta bakaba baboneheyo kuvuga ko vyerekana ingene umugambwe ANC uri ku butetegetsi utacitaho ibibazo vy'ubuzima bw'abanyagihugu basanzwe.

Africa y'epfo yimba ubutare bwa platine bungana na 75 kw'ijana bw'ububoneka kw'isi yose, ubu igiciro kikaba caraduze kubera amakenga y'uko bushobora gukena.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.