Meles Zenawi azoshingurwa kuri 2/9

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa munani, 2012 - 12:29 GMT
Ikiziga ca Meles Zenawi

Ikiziga ca Meles Zenawi caramaze gushikanwa i Addis Abeba

Leta ya Ethiopia yashinze ko ishingurwa ry'uwahora ari ministre wa mbere wa Ethiopia Meles Zenawi rizoba ku wa mungu itariki 2 z'ukwezi kw'icenda.

Kurahira icese kw'uwamusubiriye Hailemariam Daselegn imbere y'inama nshingamateka kwasibijwe.

Kwari gutegekanijwe uno munsi ariko umuvugzi wa leta yavuze ko abashingamateka bagikeneye uwundi mwanya wo kugandara.

Nta yindi tariki y'ico cicaro kidasanzwe c'inama nshingamateka iramenyeshwa.

Hagati aho abantu ibihumbi n'ibihumbi vy'abanye Ethiopa bitavye ibirori vyo gusezera umukurambere w'ishengero rya Orthodoxe yapfuye ku ndwi iheze.

Meles Zenawi yapfuye ku wa kabiri mu Bubiligi iyo yari kwivuza indwara yari amaranye gihe kirekire.

Yitavyue imana afise imyaka 57 y'amavuko amaze imyaka 21 ku butegetsi.

Yashimagizwa ku buryo yateje imbere ubutunzi bw'igihugu ciwe ariko akanegurwa ingene leta yiwe yacinyiza abatavuga rumwe nawe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.