Urumogi ni rubi ku bari munsi y'imyaka 18

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa munani, 2012 - 16:42 GMT
Igiterwa c'urumogi rwa cannabis

Igiterwa c'urumogi rwa cannabis

Ubushashatsi bushasha bwerekana ko kunywa urumogi ku bari munsi y'imyaka cumi n'umunani bibatera kugira ubwenge buke.

Kugira bakore ubwo bushakashatsi ku bantu banywa urumogi bita cannabis, abashakashatsi mpuzamakungu bakurikiranye ubuzima bw’abantu bagera ku gihumbi mu kiringo kirenga imyaka mirongo ibiri mu muji wa Dunedin mu gihugu ca Nouvelle Zelande.

Batanguye kubakurikirana ari abana, ata numwe aratangura kunywa urwo rumogi, hanyuma baguma bababaza gushika bashike ku myaka 38.

Cannabis yonona cane imiyabaga

Muri ubwo bushakashatsi, bamaze kuraba n’ibindi bintu nk’inzoga canke itabi, ubundi bwoko bw’ibiyayuramutwe, n’imyaka bamaze kw’ishule, basanze ko abagumye banywa urumogi rwa cannabis cane, urugezo mfatiro rw’ubwenge bwabo rwagabanutse.

Uko barunyoye cane, niko n’urugezo mfatiro rw’ubwenge bwabo basanga rwaragabanutse cane.

Inkurikizi ni nini cane ku batanguye kurunywa bakiri imiyabaga.

Guheba canke kugabanya urumogi Cannabis ntibituma umuntu asubira kugira urugezo mfatiro rw’ubwenge yatakaje.

Abashakashatsi biyumvira ko inkurikizi ziba nyishi cane mu myaka y’ubuyabaga kuko niho ubwonko buba buriko burahinduka cane.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.