Intambara ikomeje gusasika inganda muri Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa cyenda, 2012 - 13:54 GMT
aleppo

aleppo

Igitero cagabwe hakoresehjwe ikirere mu gace ka Al-Bab mu buseruko bwa Aleppo, cahitanye 25 barimwo abagore 6 n'abana 2.

Imodokari yatezwemwo ibisasu nayo yaturikiye Jaramana, igice c'umurwa mukuru Damas kibamwo abantu bo mu madini atandukanye, gikomeretsa abatari bake.

Hagat'aho umushikiranganji wa Syria ajejwe kumenyesha amakuru Omran Al-Zoabi, yasubije ku majambo yavuzwe ku intumwa nshasha idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu muri Syria Lakhdar Brahimi, ko ubutumwa bwiwe ataco buzoshikako.

Uwo mushikiranganji avuga ko ico igikorwa c'intumwa idasanzwe cashitseko caturutse ku bihugubishigikiye abarwanya leta, aha akavuga Arabia Saudite , Qatar na Turkiya.

Umukuru w'ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare Croix Rouge Peter Maurer yatanguye urugerndo rw'iminsi itatu muri Syria kuganira ku kibazo c'ingaruko z'iyo ntamabra ku banyagihugu ba Syria.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.