Pakistan:igitero ku modoka ya Amerika iPeshawar

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa cyenda, 2012 - 13:18 GMT
Peshawar

Peshawar

Umwe bu bategetsi ba Pakistan avuga ko abanyamerika babiri baguye mu gitero c'umwiyahuzi cagabwe ku modoka y'abahagarariye Amerika iPeshawar.

Ariko umuvugizi w'ibiro vy'uhagarariye Leta zunze bumwe za Amerika arahakana ko ata bakozi b'ivyo biro b'abanyamerika abguye mur'ico gitero.

Ivyo biro vyemeza ariko ko abanyamerika babiri n'abandi bakozi babiri b' ivyo biro b'abanya Pakistan bakomerekeye mur'ico gitero.

Imbere y'ico gitero hari abandi bantu 19 bari bakomerekejwe n'ikindi gisasu caturitse gisiga ikimanga kinini mw' ibarabara hafi y'inyubakwa z'ibiro vy'ishami ry'ishirahamwerijejwe impunzi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.