Uwasize Oscar Pistorius ni nde?

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa cyenda, 2012 - 16:25 GMT
Alan Oliveira

Umunye Brezil Alan Oliveira yasize Oscar Pistorius

Umunye Brezil Alan Oliveira n'umwe mu babaye rurangiranwa mu nkino za Paralympic z'i 2012 inyuma yo gusiga umunye Africa y'Epfo Oscar Pistorius muri T44 200m ku wa mungu mw'ijoro.

Oliveira, w'imyaka 20, yatsinzdiye umudari w'inzahabu kuri sekunda 0,07 asize Pistorius ari naho yaca avuga ko uwo bahiganwa yamisize kubera amaguru y'amaterano afise yatumye aba muremure gato kuruta.

Umunye Africa y'Epfo yahavuye asaba ikigongwe.

Isigwa rya Pistorius ryaravuzwe cane mu binyamakuru ku wa mbere ariko uwmusize we asa n'uko ata wigeze amuvuga.

Nyima wa Alan Claudia aribuka ingene yabaye intambara kugira bamuronkere aamaguru ya mbere y'amaterano.

Ubwa mbere nyina ntiyashaka kwiruka kuko yabona adafise amaguru y'amaterano akwije ibikenewe.

Yari afise imyaka munani akaba yashaka kwiruka nka bagenziwe n'abo babana.

Alan yavukiye Maraba muri Brezil mu 1992. Amaguru yiwe yaciwe amaguru yompi amaze iminsi 21 yonyene avutse nyuma yo kugwara indwara yo mu mara bita septicaemia.

Yatanguye kugenda afise imyaka ibiri, ku myaka itatu atangura kugendesha ikinga.

Yatanguye kuja mu mahiganwa muri Brezil afise imyaka 13.

Yari amaze guhiganwa na Pistorius akatari gake kandi yavuga ko bari basigaye ari abagenzi.

Ariko ubwo bugenzi busa n'ubwahungabanye nyuma y'amajambo yashikirijwe na Pistorius ahejeje gutsindwa.

Pistorius ngo asigaye amuca iruhande ntamuramutse, ariko we avuga ko ashaka kugumana ubwo bugenzi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.