SYRIA: 100.000 barahunze mu kwa munani

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa cyenda, 2012 - 14:55 GMT
Abahunga Syria

Mu kwa munani abanye Syria bahunze barenga 100.000

Ishami rya ONU riraba impunzi HCR rivuga ko abanye Syria banrenga ibihumbi ijana(100.000) bahunze Syria mu kwezi kw'umunani -kikaba arico gitigiri ca mbere kinini kuva intambara itangura.

Abategetsi ba HCR bavuga ko ibintu vyifashe nabi cane bongera gusaba ko hoboneka uburyo bwo gushikira abakeneye kugarukirwa muri Syriam, hanyuma hongerwa n'imfashanyo mpuzamakungu ku bahunze.

Intureka yarakomeye cane muri Syria muri uku kw'umunani.

Abagwanya leta bavuga ko hapfuye abashika ibihumbi bitanu, mu gihe ONU ivuga ko abahunze barenga ibihumbi ijana bitumye igitigi c'abahunze Syria cigwiza na kabiri kuko gica gishika ku 235.000.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.