Umugambi wa ECB ku bihugu biheranye

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa cyenda, 2012 - 13:32 GMT
Mario Draghi

Mario Draghi, president wa ECB

Ibanki nkuru y'ibihugu vya Bulaya ECB ifise icizere ko kugura impapuro z'agaciro z'ama leta nka Espagne na Italie, vyofasha kugabanya urugero rw' inyungu z'ayo madeni.

Igihe yatangaza iyo ngingo, umukuru wa banki ya Bulaya Mario Draghi, yqavuze ko yizeye k' ubutunzi bw' ibihugu vya Bulaya buzoheza bugatangura kwogorora buke buke.

Ariko yongeye gushimika kuvuga ko ifaranga rya Euro ribwirizwa kugumaho.

Bwana Draghi yavuze kandi ko ECB iriko irakora bu ryo itangiriza inguvu zose zishaka gusambura iryo shirahamwe.

Leta ya Espagne yashoboye kugurisha impapuro z'agaciro ziciye miliyaridi 3,5 ku giciro ciza kurusha uko vyari mbere.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.