France:Police yatoye ibiziga 3 mu modoka

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa cyenda, 2012 - 12:46 GMT
France Alps

Aho abarwashwe batowe muri Alps

Abantu batowe ari ibiziga barasiwe mu modoka mu misozi ya Alps bakekwako boba bari umuryango uturuka mu Bwongereza wari mu karuhuko mur'ako gace.

Umwana muto w'imyaka ine batoye munsi y'ibiziga vy'abarashwe, basanze ari muzima, yavugishije mu rurimi rw'icongereza umupolisi yamutoye ariko ntiyashoboye gusobanura ivyabaye.

Ikinyamakuru c'abafaransa kimenyesha ko police yashoboye kumenya se w'uwo mwana Saad Al HIlli, abamu Bwongereza akaba afise amamuko ya Iraq.

Ikiziga c'uwundi muntu agira kane yagendera kw'ikinga catowe hafi y'iyo modokari.

Hari uwundi mwana w'umukobwa yatowe mur'iyo modokari yakomeretse cane, ubu ariko aravurwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.