Kenya:intureka zasubiye kwaduka Tana

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa cyenda, 2012 - 16:53 GMT
Ikara ya kenya

Si ubwa mbere abantu bagwa mu mishamirano y'aba Orma n'aba Pokomo

Abantu nibura 11 bishwe mu yindi ntureka ifatiye ku moko mu ntara ya Kenya iri ku nkengera y'ibahari.

Umwe mu baba aho hantu avuga ko yumvise urwamo rw'inkoho n'abantu bakoma induru igihe hategwa kigwati kigaturigwa mu karere ka Tana Delta.

Igipolisi ntikiramenya neza abakoze ubwo bwicanyi, abanyagihugu bo bibaza ko bwoba bwakozwe n'umurwi woba wari uje kwihora.

Mu kwezi guiheze abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Pokomo barishe abantu barenga 50 bo mu bwoko bw'aba Orma.

Iyo ntureka ishingiye ku gupfa uburagiro n'amazi hagati y'amoko y'aba Orma n'aba Pokoma.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.