Prezida Obama yemeye gusubira kwitoza

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa cyenda, 2012 - 12:10 GMT
Barak Obama

''Sinigeze mvuga ko uru rugendo ruzokworoha, n'ubu ntavyo ndabemereye'':Barak Obama

Umukuru wa leta zunze ubumwe wa Amerika Barack Obama yaraye yemeye guserukira umugambwe wiwe w'aba Democrates mu gusubira kwitoza mu kwezi kwa 11 ngo abandanye arongoye ico gihugu ikindi kiringo c'imyaka 4.

Mw'ijambo yashikirije, yarerekanye aho politike ziwe zitandukaniye n'iza aba Republicains , akaba yagarutse ku ciyumviro nyamukuru ciwe co kwizera.

Obama yabwiye abari bitavye ibirori vyo kumugena ati: ''Sinigeze mvuga ko uru rugendo ruzokworoha, n'ubu ntavyo ndabemereye''

Barak Obama ahiganwa na Mitt Romney kandi ibiharuro vy'ukugereranya amajwi bikaba vyerekana ko begeranye cane.

Barak Obama yabwiye abari baserukiye abandi n'abanmukurikira bari iwabo ko ingorane z'igihugu zagiye ziragerekerana ku myaka myinshi ku buryo bidashoboka ko hari uwozitorera inyishu mu gihhe gito.

Preida Obama yaneguye aba Republicains avuga ko benezerezwa no kuvuga ibitagenda neza muri Amerika ariko ntiberekane ico bokora kugira bihinduke.

Abo mu ruhande kwa Mitt Romney ntibatevye kugira ico bavuze kuri iryo jambo rya Obama.

Abajejwe ibikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza bavuze ko Obama yasubiye kurira ivyo yemerera abanya Amerika kandi n'ivyo yemeye ubwa mbere atabishize mu ngiro.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.