Ubwami bw'Ubwongerezwa burakajwe n'amafoto

Ibiherutse kuvugururwa: 14 ukwa cyenda, 2012 - 12:45 GMT
William na Kate

William na Kate i Kuala Lumpur

Duc hamwe na Duchesse ba Cambridge(William na Kate) barakajwe cane n'amafoto yasohowe n'ikinyamakuru co mu Bufaransa yerekana Kate ataco yambaye mu gikiriza.

Bavuga ko ayo mafoto yafashwe na Closer igihe bari mu karuhuko kabo mu Bufaransa ata nsiguro n'imwe ishoboka ku gituma yafashwe.

Uwo mnuryango ubu uriko urarondera impanuro mu bashingwamanza muy Bufaransa.

Bashobora kwitwarira ico kinyamakuru, iwafashe amafoto canke bompi.

Abakora ku kirimba c'Ingoma y'Ubwongereza bavuga ko ayo mafoto yibutsa igihe ibinyamakuru vyarenza urugero ku buzima bwa nyina wa William, umuganwakazi Diana , imbere y'uko agwa mw'isanganya ry'imodoka i Paris haraheze imyaka 15.

Umuganwa William aza ubugira kabiri mu rutonde rwa ba samurwgwa b'Ingoma y'Ubwongereza.

Ayo mafoto yasohotse mu gihe William na Kate bariko bari mu rrugendo muri Kuala Lumpur muri Malaisia.

Bivugwa ko ayo mafoto yoba yararungikiwe ibinyamakuru vyo mu Bwomngereza ariko bikayanka.

Asohotse mu gihe haheruka gukwiragira amafoto ya murumuna wa William, Harry, ari gusa mu cumba c'i hoteli Las Vegas. Ikinyamakuru co mu Bwongereza , The Sun, ayo kikaba carayerekanye nyuma yo gukwira isi kuri internet.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.