Kenya:Tana River hatowe imva z'ikivunga

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa cyenda, 2012 - 15:45 GMT
Kenya

Muri Tana River hamaze kwicwa abantun barenga ijana mu ntureka zimaze amezi abiri

Igipolisi muri Kenya kivuga ko catoye ibinogo bibiri vyahahambwemwo abantu ikivunga mu ntara ya Tana River iri ku nkengera z'ibahari.

Abantu bashika ijana barishwe mu ntureka zigize igihe muri yo ntara hagati y'aba Pokomo n'aba Ormo bapfa uburagiro n'amazi.

Ariko hari abagiriza abanyepolitike kuba barakokeje ubwicanyi intureka kubera amatora yimirije mu kwezi kwa gatatu.

Abahwambwe muri ivyo binogo ntibaramenyekana neza abaribo.

Abapolisi bavuga ko mivyo binogo vyatowe mu kigwati ca Kilelengwani hagati mu karere kabayemwo intureka.

Bavuze ko basavye sentare gutanga uruhusha rwo kuzura ivyo biziga.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.