Ubufaransa bugire bwugare ambasade mu bihugu 20

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa cyenda, 2012 - 13:03 GMT
Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Laurent Fabius

Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Laurent Fabius

Ubufaransa buvuga ko buzugara vy'agateganyo kuwa Gatanu ibiro bibuserukira hamwe n'amashure mu bihugu 20 kubera ibicapo vy'umuhanuzi Mohammad.

Ivyo bicapo bitwenza vyerekana umuhanuzi Mohammad, ngo bishobora guteza iyindi migumuko nyuma y'amasengesho yo kuwa Gatanu.

Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Laurent Fabius, yavuze ko atewe impungenge n'ibicapo mirongo ibiri vyasohotse mu kinyamakuru Charlie Hebdo.

Ico kinyamakuru canditse inkuru zitwenza ku myiyerekano yo kwiyamiriza leta zunze ubumwe za Amerika, yari yatejwe na film yakorewe muri ico gihugu isiga iceyi umuhanuzi wa Islam.

Ibiro vy'ico kinyamakuru vyaraturiwe mu kwezi kw'Icumi na Rimwe mu mwaka uheze, aho casohora ibicapo bisa nk'ivyo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.