M23 yashizeko "ubutegetsi" mu buseruko bwa Kongo

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa cyenda, 2012 - 11:36 GMT
Abarwanyi ba M23 muri Kongo

Abarwanyi ba M23 muri Kongo

Umukuru w'ibikorwa vya ONU vyo guhagararira amaho, Herve Ladsous, yabariye umugwi w'umutekano wa ONU ko M23 yashizeko ibisa nk'ubutegetsi mu buseruko bwa Kongo.

Bwana Ladsous yavuze ko abarwanyi ba M23 bagenzura uruja n'uruza rw'abanyagihugu, bakanatoza amakori.

Umuryango mpuzamakungu ONU, usanzwe wagiriza leta y'u Rwanda kuba ifashe mu mugongo umugwi M23.

Hagati aho abajeje intwaro muri Kongo bariko barasaba ko ubutare buva mu Rwanda butogurishwa ku masoko y'ubutare.

Umushikiranganji wa Kongo ajejwe ubutare yandikiye leta zunze ubumwe za Amerika hamwe n'Ubwongereza asaba ko amashirahamwe yohagarika kugura ubutare buva mu Rwanda, ngo kuko bwinshi muri bwo bwimbwa ku butaka bwa Kongo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.