Mu Burundi hasubiye gukena ibitoro

Ibiherutse kuvugururwa: 25 ukwa cyenda, 2012 - 16:22 GMT
Amabido y'abarondera ibitoro atonze umurongo i Bujumbura

Amabido y'abarondera ibitoro atonze umurongo i Bujumbura

Mu Burundi hari ingorane z’igitoro zatanguriye mu gihugu hagati ubu zikaba zigeze mu gisagara ca Bujumbura aho henshi mu bibanza batangiramwo ibitoro atakiharangwa.

Imyidogo ku banyagihugu ni myinshi mu gihe mu bushikiranganji bw’ubudandaji bavuga ko bazi iyo ngorane kandi ko gushika mu mpera z’indwi izoba yamaze gutorerwa inyishu.

Vyinshi mu bibanza batangiramwo ibitoro nta n’ima riharangwa, aho ugisanze naho imirongo ni miremire kandi nta n’umwe buzuriza.

"Ikibazo cavuye i Dar es Salaam"

Mu bushikiranganji bw’ubudandaji n’ingenzi bavuga ko vyavuye ku mato menshi yashikiye rimwe ku kivuko c’i Dar es Salaam.

Umuyobozi mukuru ajejwe ubudandaji, Jeremie Banigwaninzigo, avuga ko baza bamaze kuvugana na bagenzi babo bo mu gihugu ca Tanzania, mbere akemeza ko hari igitoro gishobora gushika vuba cane.

Aboba bibaza ko iryo bura ry’igitoro ryoba rifitaniye isano n’ibura ry’amafaranga y’agaciro, Jeremie Banigwaninzigo arabihakana.

Si ubwa mbere haba ibura ry’igitoro mu Burundi, kenshi vyabaye baruhiye kuduza igiciro, bigaca bigira ingaruka no ku bindi biciro vy’ibintu vya nkenerwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.