Kabila:Congo ibanye neza n'abandi kiretse Urwanda

Ibiherutse kuvugururwa: 27 ukwa cyenda, 2012 - 14:24 GMT
Joseph Kabila

Umukuru wa Congo Joseph Kabila muri ONU

Umukuru wa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo Joseph Kabila yabwiye BBC ko afise ishaka ryo kunagura imigenderanire n'Urwanda.

Avuga ko ibihugu bindi vyose bafitaniye umubano mwiza kiretse Urwanda.
Kuri uyu wa kane Jpseph Kabila na mugenziwe w'Urwanda Paul Kagame barabonanye bahujwe n'umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon kugira barabe ko botora inyishu y'uwo mubano mubi.

Icegera c'umunyamabanga mukuru wa ONU ajejwe ibikorwa vyo gutanara abari mu kaga Herve Ladsous yari muri iyo nama avuga ko muri uwo mubonano havuyemwo ubutumwa bubiri bukomeye.

Ubwa mbere n'uko intamnbara itegerezwa guhagarara, ubwa kabiri n'uko igihugu cose gitegerezwa kwubahiriza ubusigire bw'ikindi gihugu.
Prezida Kabila yagiriza Urwanda gushigikira umugwi M23 ugwaniriza leta yiwe mu ntara ya Kivu ya Ruguru.


I

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.