U Rwanda na Kongo: Ikibazo kiracakomeye

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa cyenda, 2012 - 16:53 GMT
Joseph Kabila, Ban Ki-Moon, Paul Kagame

Joseph Kabila, Ban Ki-Moon, Paul Kagame

Umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe imigenderanire, Louise Mushikiwabo, yabariye BBC ko bitavye inama y'i New York kugira ikibazo ca Kongo gitore umuti.

Umushikiranganji Mushikiwabo yavuze ko bataje muri iyo nama kugira bagerekweko ivyaha.

Ngo ikibazo cizwe mu nama yatumijwe n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon, ngo ni iyo gutora umuti ku kibazo ca Kongo, ngo kandi u Rwanda rugerageza gufasha.

Abajijwe nimba iyi nama izonagura umubano hagati ya Kongo n'u Rwanda, umushikiranganji Mushikiwabo yagize ati: "Nibaza ko tudakwiye gukavya. Turi mu karere kaciye mu bihe bigoye.

"Twaciye mu ntambara ariko kandi twaciye mu mahoro, dushaka gufasha hamwe n'ibindi bihugu vy'akarere hamwe n'amakungu, kandi urayve amajambo yavuzwe, hariho icizere."

Inama yateguwe na ONU

Inama yiga ku kibazo ca Kongo n'u Rwanda yatumweko n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon, ikaba yari yitabwe n'umukuru w'u Rwanda Paul Kagame na mugenzi wiwe wa Kongo, Joseph Kabila.

Abahinga b'umugwi w'umutekano w'umuryango mpuzamakungu ONU, basohoye icegeranyo gishinja u Rwanda gufata mu mugongo umugwi M23 urwanya leta ya Kongo.

Gushika ubu u Rwanda ruriyamiriza ivyo vyagiriji, ariko ibihugu vyinshi biha imfashanyo u Rwanda vyafatiye kuri ico cegeranyo mu guhagarika canke kurindiriza imfashanyo igenewe u Rwanda.

Ejo umukuru w'igihugu wa Kongo, Joseph Kabila, yavuze ko imigenderanire hagati y'u Rwanda na Kongo itifashe neza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.