Africa y'Epfo: Itohoza ku bwicanyi Marikana

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa cumi, 2012 - 13:33 GMT
abimvi

Abakozi bo mu butare Marikana basubiye ku kazi inyuma ya yegereyegere

Muri Africa y'Epfo umugwi washinzwe na leta watanguye itohoza ku bwicanyi bw'abantu barenga 40 i Marikana ahimbwa ubutare bwa platine.

Benshi mu bishwe bari abakozi bari muri yegereyegere barashwe n'abapolisi. Bwabaye ubwa mbere ugokoresha inguvu n'urwego rwa leta bihitana abantu bangana gutyo kuva harangira intwaro ya apartheid.

Abagize uwo mugwi ,urongowe n'umucamanza yakukururutse, bahuriye Rustenberg hafi y'ahabereye ubwicanyi.

Mu gutangura inama, habanje guhamagarwa amazina y'abishwe mu nyuma haca haba umunota w'agacerere.

Uwo mugwi waciye wanka icifuzo cari cashikirijwe n'imiryango y'abakozi basaba ko iryo tohoza ryokwigizwa inyuma indwi zibiri, umugwi ukaba wamenyesheje ko igikorwa cawo gitegerezwa kurangurwa vyihuta.

Uwo mugwi uzokwiheza uruhara rwagizwe n'igipolisi, urwa bene ubutare, urw'amasendika abiri y'abakozi akebana hamwe n'urwa leta. Ubwo bwicanyi bwatumye haba ibibazo bitajanye gusa n'uko igipolisi gikoresha inguvu, ahubwo bijanye kandi n'ubusumbane hagati y'abanyagihugu hamwe n'ubutwari bwa prezida Jacob Zuma.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.