Ingabo za Somalia zinjiye Kismayo

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa cumi, 2012 - 14:23 GMT
Abasirikare ba Kenya

Ingabo za Kenya ziri mu zifasha iza leta ya Somalia

Ababa mu gisagara ca Kismayo kiri mu bumanuko bwa Somalia bavuga ko ingabo za leta hamwe n'iza Africa zinjiye hagati mu gisagara ubwa mbere kuva abagwanyi ba Al Shabab bakivuyemwo ku wa gatandatu.

Abavyiboneye bemeza ko babonye abasirikare bariko barakizura ku maguru rimwe mu mabarabara ya Kismayo.

Nico gisagara ca nyuma ala shabab yari isigaye igenzura. Inkuru ya Gabriel Gatehouse ari I nairobi muyishikirizw na Florentine Kwizera.

Uwavyiboneye yabwiye BBC ko yabonye abasirikare ba leta ya Somalia barenga 10 binjira Kismayo bazananye mu burengero.

Bivugwa ko umuvugizi w'ingabo za leta ya Somalia yemeye ko yarungitse abasirikare amajana ane na 50 muri ico gisagara.

Ariko ababa mu gisagara bavuze ko ata kibereka ko hari abasirikare benshi.

Ingabo za leta ntizashotse zemeza ko0 nazonyene zoba zinjiye Kismayo.

Abagwanyi ba Al Shabab bataye kismayo batagabishije mu masaha ya kare cane ku wa gatandatu.

Ababa mu gisagara bavauga ko ubwoba bwaguma buba bwinshi kubera igisagara cari gisigaye kitagira uwukiramutswa.

Bamwe mu ndongozi z'imiryango imwe imwe barihswe muyi iyi minsi mike iheze.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.