Ubuki mu Bufaransa bwahinduye ibara

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa cumi, 2012 - 14:02 GMT

Inzuki

Inyuma yo kubona ubuki bw'amabara atandukanye mu mizinga yabo, abavumbi bo mu buraruko bw'Ubufaransa bakoze iprereza ku nzuki borora.

Basanze izo nzuki zabo uyu mwaka zitagiye kudaha mu biyaya biteye igomwe vya Alsace, ahubwo zinyavya ahatabwa ibisigarira vy'uburembo bwari ahatabwa imyanda.

Iyo myanda yaturuka mu kigo ihinguriro rya chocolat Mars, rikoreramwo imbombo M&Ms.

Ico kigo camenyesheje ko kigiye kwimura iyo myanda kikagumira ibigunguru yatabwamwo imbere mu nzu.

Ubwo buki bw'amabara adasanzwe nabwo bwarasheshwe

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.