Turkiya irifuza gutera Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa cumi, 2012 - 12:59 GMT

Turkiya

Inama nshingamteka ya Turkiya yahamagaje inama idasanzwe, aho leta yasavye urwo rwego kuyirekurira kugaba ibitero ku gihugu kibanyi ca Syria.

Ingingo yafashwe n' inama nshingamateka iha uburenganzira Turkiya bwo gukoresha igisirikare cayo mu kiringo c' umwaka mu kugaba ibitero igihe cose ibonye bikenewe.

Iyo nama yakoranye amasaha makeyi inyuma y'aho Turkiya itanguriye kurungika ibisasu ku kirindiro c'abasirikare ba Syria, yishura igisasu co mu bwoko bwa mortier cahitanye abanyagihugu batanu ba Turkiya.

Umwe mu bahanuzi bakomeye b'umushikiranganji wa mbere wa Turkiya avuga ko Syria yamaze gusaba ikigongwe ibicishije kw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Besir Atalay yavuze kandi ko Turkiya izokora mu mwumvikano n'izindi nzego mpuzmakungu mur'ico gikorwa co gutera Syria.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.