Abarwaye mu mutwe

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa cumi, 2012 - 16:04 GMT
Umunsi w'abarwaye mu mutwe

Umunsi w'abarwaye mu mutwe

Abantu hafi imiriyo 450 kw'isi bafise ibibazo vyo mu mutwe, kandi akarenga batatu kuri bane muri abo baba mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere. Nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara kw'isi OMS, abantu umunani muri cumi muri abo baba mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere, nta buvuzi na bumwe baronka.

Benshi n'abarokotse indwara z'ibiza n'amakuba nk'imyuzure hamwe n'intambara.

Muri Afghanistani, imiryango nka yose usanga yarapfishije vyibuze umuntu umwe mu ntambara imaze imyaka 30 muri ico gihugu. Hagereranywa ko igice c'abanye Afghanistani barenza imyaka 15, bafise bibazo vyo mu mutwe nk'akabonge, umwitwarariko urengeje hamwe no guhahamuka.

Hanze y'umurwa mukuru w'ico gihugu, Kabul, nta buvuzi bw'ibibazo vyo mu mutwe buharangwa. Afghanistani siyo yonyene imerewe gutyo.

Hafi y'igice c'abantu batuye isi baba mu bihugu biri mu nzira y'amajambere, aho ugereranije, usanga hari umuganga umwe w'indwara zo mu mutwe ku bantu ibihumbi 200. Ibihugu vyinshi bikenye, vyovyo usanga bifise umuganga umwe nk'uyo ku bantu barenga umuriyoni, nk'uko bivugwa na OMS.

Muri Nigeria, ica kane c'abarwayi usanga mu bitaro bisanzwe, baba bafise ibimenyetso vyinshi vy'uburwayo bw'akabonge, ariko bake nibo batora ico barwaye, umwe muri batandatu muri abo akaba ariwe bagerageza kuvugwa. Mu bindi bice vyo muri Afrika nko ku murwa mukuru wa Ghana, Accra, abarwayi bo mu bitaro bimwe vy'uburwayo bwo mu mutwe usanga bari ngaho bishwe n'inzara kandi ata mpuzu bambaye.

Buri gihugu cisangije ibibazo vyaco muri urwo rwego. Muri Ethiopia, ikintu nyamukuru giteza bimwe mu bibazo vyo mu mutwe ni igihe usanga umuntu akubitwa n'uwo babana, ivyo bikaba bishika mi miryango ibiri kuri itatu mu bice vyo hagati mu gihugu. Hagati aho abantu baba muri Haiti baracagerageza kwivyukiranya nyuma ya nyamugigima yo mu 2010, yahitanye abantu barenga ibihumbi 300, ikomeretsa abandi nk'abo nyene, isiga abashika ku miriyoni n'ibihumbi amajana atandatu batagira aho bakika umusaya. Hafi y'abantu bose muri iryo zinga barakozweko n'ayo makuba.

Uyu musi kandi wijihijwe no mu Burundi, icivugo c’uyu mwaka ni AKABONGE NI IKIZA KW’ISI YOSE. Mu Burundi, abarwaye izo ngwara bafise ingorane nyinshi. Uretse kubura imiti kubera izimvye, hari umuganga umwe gusa yanonosoye ubuhinga bwo kubavura, ibibanza vyo kubavuriramwo na vyo akaba ari bike mu gihe mu miryango yabo na ho babita abasazi, bagakubitwa, bakabohwa, abafashwe biyerereza na bo bagategwa amabuye. Hari inyigisho nkarishabwenge ziriko zirahabwa abaganga kugira buri ibitaro vyose bishobore kwakira mwene abo bagwayi.

Muri reta, ngo bariko barita ku giti no kwibuye mu gukarihiriza ubwenge abaganga bose, kugira ibitaro vyose aho biri bize birakira mwene abo bagwayi nk’uko bivugwa na Anicet Bigirimana, umuhanuzi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu ajejwe guteza imbere ingwara zo mu mutwe.

Naho mu Rwanda, hari ibitaro bikomeye bya Ndera bivura abarwayi bo mu mutwe, ibi ngo bikaba bifite ibikoresho n’abaganga bahagije .

Ibi bitaro byashinzwe n’abihayimana les Freres de la Charite cyakora ubu ngo bikaba bifashwa na Leta .

Ibi bitaro bifatwa nk’iby’ikitegererezo bikaba bifite ubushobozi bwo gusuzuma umurwayi bikoresheje za Cameras ndetse ngo bikaba byaratangiye n’umugambi wo gufasha abasaritswe n’ibiyobyabwenge, imwe mu mpamvu itera indwara zo mu mutwe .

Gusa na byo ngo bihangayikishijwe n’umubare w’abarwayi badashobora kwishyura kubera ko bamwe batereranwa n’imiryango yabo .

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.