Toyota ihamagaje imiduga irenga miliyoni 7

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa cumi, 2012 - 11:28 GMT
Toyota

Toyota niyo ya mbere mu kugurisha imiduga myinshi kw'isi

Toyota, kompanyi ya mbere mu kugurisha imiduga myinshi kw'isi yahamagaje ku gushaka kwayo imiduga irenga milioni 7 harimwo iyo mu bwoko bwa Yaris, Corolla na Camry kubera utunenge two kuduza ibiyo vy'amadirisha.

Muri izo harimwo miliyoni 1.39 i Bulaya, miliyoni 2.47 muri Amerika hamwe na miliyoni 1.4 mu Bushinwa.

Nico gitigiri kinini c'imodoka za mbere zihamagajwe icarimwe inyuma y'aho Ford ihamagarije miliyoni 8 mu 1996.

Toyota yavuze ko ata ma sanganya yigeze avugwa atewe n'iyo ngorane y'ibiyo vy'ama dirisha.

Toyota yanahamagaje imiduga 459.000 mu bu Yapani, 650.000 muri Australia na Asia hamwe n'izindi ibihumbi n'ibihumbi mu Burasirazuba bwo hagati no muri Canada.

MU zakozwe zifise utunenge harimwo kandi Rav 4, Auris , Matrix, Highlander, Tundra na Sequoia zasohotse ya 2005 na 2010.

Toyota izovugana n'umwe umwe mu bafise izo miduga kugirango ayijane bayisuzume.

Izina rya Toyota ryaratosekaye mu 2009 igihe yahamagaza imiduga yahavuye ishika ku milioni 12, igacibwa ihadabu na leta zunze ubumwe za Amerika mu nyuma umukuru wayo akaruhira gusaba imbabazi.

Ico gihe imiduga yari ifise ikibazo co kwiyongeza inguvu za moteri kubera tapis zo munsi ya accelerateur zafata ku kirenge.

Ivyo vyatumye haba amasangaya atari make.

Kuva ico gihe Toyota yarahanganye iranesha ibibazo vyo gusohora imiduga ku ngaruka za tsunami yo mu 2011 gushika aho isubira kuba komanyi ya mbere mu kugurisha imiduga nyinshi kw'isi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.