Abagore bemerewe gutorana amazu muri Botswana

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa cumi, 2012 - 12:56 GMT

Umucamanza wa sentare nkuru yavuze ko itegeko rifatiye ku migenzo ya Botswana ribuza bakenyezi gutora amazu y'umuryango wabo rihushanye n'ibwirizwanshingiro.

Iryo tegeko rifatiye ku migenzo ryemerera abagabo bonyene gutorana, ivyo bigashobora gutuma abagore batabwa hanze mu gihe ba se canke abagabo babo bapfuye.

Umwe mu bacamanza yavuze ko iryo tegeko ribuza abakenyezi gutorana ata kibanza rigira mu mibano ya Bostwana, aho ibwirizwanshingiro ryemeza uburenganzira bumwe hagati y'abantu b'igitsina gore n'igitsina gabo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.