Pakistan:Abakekwa kurasa Malala bafashwe

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa cumi, 2012 - 18:20 GMT

Abariko basengera Malala

Hagiye harafatwa imirwi y'abantu mur'iyi minsi, kubera iraswa ry'umwana w'umukobwa w'imyaka 14 ku munsi wa kabiri.

Ariko igipolisi ca Pakistan kivuga ko kikibandanya kurondera uwo bikeka cane kuruta abandi.

Mu mashure, ibiro n'imisigiti muri Pakistan batunganije amasengesho yo gusabira uwo mwana gukira.

Malala yarashwe mu mutwe n'aba Taliban ku munsi wa kabiri, abaganga bakavuga ko batazi neza ingaruka ivyo bikomere bishobora kumugirira.

Malala yamenyekanye cane kubera guharanira ko abigeme baja mu mashure.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.