ONU: Umushikiranganji wo kwivuna abansi w'u Rwanda ayoboye M23

Ibiherutse kuvugururwa: 17 ukwa cumi, 2012 - 12:55 GMT
Umusirikare wa M23 i Rubare hafi ya Rutshuru

Umusirikare wa M23 i Rubare hafi ya Rutshuru

Umugwi w'abahinga b'umuryango mpuzamakungu, ONU, uvuga ko umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe kwivuna abansi arongoye umugwi w'abarwanyi urwanya leta ya Kongo.

Icegenyo kikiri ibanga cashikiriye ibiro bitara amakuru, Reuters, kivuga ko Uganda nayo ifashe mu mugongo M23, irwanya igisirikare ca kongo kuva mu kwezi kwa Kane.

Ico cegeranyo ciyongera ku casohotse mu kwezi kwa Gatandatu cagiriza u Rwanda gufata mu mugongo uwo mugwi w'abarwanyi.

U Rwanda na Uganda vyahakanye vyivuye inyuma gushigikira uwo mugwi.

Umunyamakuru wa BBC, Barbara Plet, ari ku biro vya ONU, avuga ko mu myaka hafi 20 iheze u Rwanda rwafashe mu mugongo imigwi witwaje ibirwanisho muri Kongo, nk'uburyo bwo kurwanya abarwanyi b'Abahutu bahunze nyuma ya jenoside.

Hari kandi abagiriza u Rwanda kuba rukoresha iyo migwi yitwaje ibirwanisho nk'urwitwazo kugira rushobore kwiha ku butunzi bw'ubutare bugwiriye mu buseruko bwa Kongo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.