Igisasu cahitanye abantu 8 iBeirut

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa cumi, 2012 - 14:13 GMT

Imodokari yaturiwe n'igisasu iBeirut

Ico gisasu caguye hagati na hagati mu karere ka Ashrafiyeh karwiriyemwo abakirisu, mu gace ka Sassine, aho imodokari n'izindi nyubakwa zakongejwe n'umuriro.

Ababibonye bavuga ko ico gisasu casiranye gushika ku birometero vyinshi uvuye aho caturikiye.

Amakuru atarashobora kumenyekana neza avuga ko cari catezwe mu modokari.

Hamwe vyoba biri uko, kizoba kibaye igitero ca mbere gikomeye kigabwe mu muji wa Beirut muri Libani mu kiringo c'imyaka itari mike.

Iki gitero kije mu gihe hari icuka kibi gifatiye ku ntambara iri mu gihugu kibanyi ca Syria.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.