Ikiza ca Marburg muri Uganda

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa cumi, 2012 - 17:56 GMT

Amasanamu y' igihe Uganda iheruka guterwa na Ebola

Iyo ndwara yitwa umugera wa Marburg, igaragaza ibimenyetso bisa cane n'ivy'ingwara ya Ebola.

Mw'itangazo bwasohoye, abategetsi b'ubwo bushikiranganji bavuga ko ibipimo vyemeje ko abantu bagera kuri babiri bo mu muryango umwe bamaze guhitanwa n'iyo ndwara yo gucibwamwo kandi yandukira cane mu ntara ya Kabale.

Abandi bantu bo muri uwo muryango bashobora kuba barapfuye muri uku kwezi nyene.

Uwo mugera wa Marburg wo mu muryango umwe na Ebola, wandukira biciye mu cuya, amate canke umukoyo canke mu gukora ku bikoko biba vyaranduye.

Nta muti wihariwe iyo ndwara ifise, yaheruka kwaduka mu 2007, ico gihe hakaba hapfuye abantu babiri bimba ubutare mu buseruko bw'igihugu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.