Silvio Bersconi yakatiwe gufungwa imyaka 4

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa cumi, 2012 - 17:01 GMT
Silvio Berlusconi

Silvio Berlusconi

Sentare mu muji wa Milan yahamije icaha uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubutariyano, Silvio Berlusconi, co kwirengagiza kuriha ikori.

Yaciye akatirwa gufungwa imyaka ine mu munyororo.

Ico gihano kijanye n'ibikorwa vya bwana Berlusconi bijanye n'ibiraka Television yiwe yahanye n'abategura ibiganiro muri Amerika.

Ubushinjaha buvuga ko ivyo biraka vyatumye ishirahambwe ryiwe rironka uburyo bwo kwinjiza amahera ritarishe ikori.

Umunyamakuru wa BBC mu Butariyano avuga ko bwana Berlusoni ari ngombwa ko yunguruza uru rubanza.

Uwahoze atwara Ubutariyano, aramaze gucibwa imanza kenshi zijanye n'ibikorwa vyiwe vy'urudandazwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.