Igisirikare ca Nigeria cagirizwa guhohotera abantu

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 12:30 GMT
Abasirikare ba Nigeria i Maiduguri muri Nigeria

Abasirikare ba Nigeria i Maiduguri muri Nigeria

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, ryagiriza igisirikare ca Nigeria guhonyora ako gateka mu guhiga abanywanyi b'umuhari wa ki Islam, Boko Haram.

Amnesty yavuze ko igisirika kiriko kirakora ivyaha bikomeye mu gikorwa caco co guhiga abarwanyi ba Boko Haram.

Ngo ivyo vyaha birimwo gukubagura, kwica bidaciye mu mategeko, guturira amazu hamwe no gufunga ata rubanza ruciwe.

Iryo shirahamwe ry'agateka ka zina muntu ryavuze ko abantu bagotewe hagati, kuko impande zose zikora ayo mahano.

Umuvugizi w'igisirikare ca Nigeria yiyamirije ivyo vyagiriji, avuga ko igisirikare cama gikurikiza amategeko muvyo gikora vyose.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.