Obama na Romney barabandanya kwiyamamaza

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 16:43 GMT
Barack Obama na Mitt Romney

Barack Obama na Mitt Romney

Umukuru w'igihugu wa Amerika, Obama, yasubiye kwiyamamaza nyuma yo kubihagarika kubera igihuhusi cashegeshe uburaruko bushira ubuseruko bw'igihugu.

Ariko ariyamamaza mu ntara zitatu zihiganirwa cane, Wisconsin, Nevada na Colorado.

Uwo bahiganwa aserukiye aba Republicains, Mitt Romney, ariko ariyamamariza i Virginia.

Ukugereranya amajwi kwerekana ko abahiganwa begeranye cane, ariko abanyamakuru bavuga ko uburyo umukuru w'igihugu Obama yafashe ikibazo c'igihuhusi, vyamuhaye akarusho.

Igice c'inzira ya gari ya moshi zigira mu kuzimu mu muji wa New York casubiye gukora, co kimwe n'ibibuga vy'indege bitatu bikuru.

Hafi c'ica kabiri c'amazu imiriyoni umunani yari yacitsemwo umuyagankuba, wagarutse.

Vyibazwa ko abantu bishwe n'igihuhusi muri Amerika no muri Canada bamaze gushika ku miriyoni umunani.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.