Abarwanya Syria bishe ikivunga abasirikare

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:39 GMT

Ishusho ya Video yerekanye abishwe

Rupert Colville umuvugizi w'ujejwe agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe ONU, avuga ko amasanamu ya video yerekanywe ategerezwa gusuzumwa, ariko ari kimwe mu bizokoreshwa n'ubushikirizamanza.

Ayo masanamu yerekana umurwi w'abarwanya leta bari mu ruhagarara bater'imigere imbohe zari zinzingazingiye hasi, imbere yo kubarasamwo urufaya rw'amasasu.

Bivurwa ko ar'umurwi w'abarwanyi b'aba islam Al-Nusra Fronti wagavye ico gitero, imbere yo gufata ibirindiro vyacungwa na leta kw'ibarabara riva Damas rija Aleppo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.