Inzu y'igorofa yakorotse muri Ghana ifukira abantu benshi

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 17:27 GMT
Abajejwe gutabara bariko bakurako ibihomoke vy'inzu i Accra

Abajejwe gutabara bariko bakurako ibihomoke vy'inzu i Accra

Inzu y'igorofa yakorotse ku murwa mukuru wa Ghana, Accra, ifukira abantu benshi bahera munsi yayo.

Umunyamakuru wa BBC yashitse aho iryo sanganya ryabereye yavuze ko gushika ubu abantu batatu aribo bamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima.

Abandi bakuwe ari bazima mu bihomoke vy'iyo nzu ya Melcom shop, iri mu buraruko bwo hagati y'umuji.

Abajejwe intwaro bavuga ko abantu bashika ku 50 ari bo bari mw'iyo nyubakwa igihe yagwa.

Umukuru w'igihugu ca Ghana, John Dramani Mahama, yaciye ahagarika igikorwa co kwiyamamaza yarimwo, anarungika ubutumwa bwo guhoza abashikiwe n'iyo mpanuka.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.