Nairobi ironse itereni ya mbere

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 17:51 GMT
itereni i Nairobi

Itereni ya mbere mu gisagara ca Nairobi

Umukuru w’igihugu ca Kenya Mwai Kibaki kuri uyu wa kabiri yuguruye icese inzira ya gari ya moshi ariyo tereni igiye gufasha kwunguruza abanyagihugu bo mu buseruko bushira ubumanuko bwa Nairobi.

Yugurura ivyo birori, Prezida Mwai Kibaki yavuze ko ari intango, ko n’izindi nzira zizugururwa mu misi iri mbere kugira abanyagihugu boroherwe mu mibereho yabo.

Inzira ya Gari ya Moshi izofatanya akarere kari iruhande y’ikibuga gikuru c’indege n’umuji wa Nairobi.

Igiye gutuma abantu bakoresha iminota 20 gusa hagati y'ikibuga c'indege n'igisagara aho bahora bakoresha umwanya muremure kubera ubwinshi bw'imiduga.

Ariko bamwe bamwe mu badereva bakoresha imiduga ica amafaranga ntibabishima kuko babona ko bagiye gutakaza amafaranga bahora baronka.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.