Umugaba wa Boko Haram yishwe muri Nigeria

Ibiherutse kuvugururwa: 17 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 09:33 GMT
Boko Haram yaragavye ibitero henshi muri Nigeria

Boko Haram yaragavye ibitero henshi muri Nigeria

Igisirikare ca Nigeria kivuga ko cishe umugaba w'abarwanyi b'umuhari wa ki Islam, Boko Haram, mu muji wa Maiduguri uri mu buraruko bwa Nigeria.

Umuvugizi w'igisiriare ca Nigeria yavuze ko uwo mugaba, Ibn Saleh Ibrahim, yiciwe mu mirwano ari kumwe n'ivyegera vyiwe bitandatu.

Umunyamakuru wa BBC muri Nigeria avuga ko hari n'abanyagihugu basize ubuzima mu kurasana kwahabaye.

Umuhari Boko Haram, umaze kwica abantu amajana kuva mu 2009, nturagira ico uvuga kw'iyicwa ry'uwo mugaba.

Uwashinze uwo muhari, Mohammed Yusuf, yishwe n'abajejwe umutekano mu kwezi kw'indwi 2009.

Ubu Boko Haram irongowe n'uwitwa Abubakar Shekau.

Umuvugizi w'igisirikare Lt Col Sagir Musa yabariye BBC ko bwana Ibrahim yari yegeranye cane na bwana Shekau, kandi vyavugwa ko ari intakorwako.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.