Batanguye gutora muri Sierra Leone

Ibiherutse kuvugururwa: 17 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 10:24 GMT
Umukuru w'igihugu Koroma ashaka gusubira gutorwa

Umukuru w'igihugu Koroma ashaka gusubira gutorwa

Ibiro vy'amatora vyuguruye muri Sierra Leone, mu matora agira gatatu kuva haheze intambara y'imyaka cumi yahitanye abarenga 50000.

Abantu barenga imiriyoni zibiri n'igice ku miriyoni zitandatu baba muri ico gihugu nibo vyitezwe ko bitaba ayo matora.

Umukuru w'igihugu yahahora, Ernest Bai Koroma, ahiganwa n'abitoza batandatu, harimwo n'umusirikare yahoze atwara igihugu, Julius Maada Bio.

Amatora akurikiranirwa hafi n'ibihumbi vy'indorerezi zo hagati mu gihugu.

Ivyavuye mu matora bigomba kumenyekana mu minsi cumi nyuma y'amatora.

Imigambwe itatu mikuru ihiganwa ni APC wa bwana Koroma, SLPP wa bwana Bio na PMDC.

Umukuru wa PMDC, Charles Francis Margai, ni umuhungu w'uwabaye umushikiranganji wa mbere wa Sierra Leone agira kabiri, Albert Margai.

Umugambwe RUFwahoze ufise abarwanyi mw'ishamba, nawo nyene witavye ano matora.

RUF yaragirijwe gukora amahano hamwe no gukoresha abana mu gisirikare mu gihe c'intambara yo mu gihugu hagati.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.