Kenya:intureka muri Garisa

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:55 GMT
Garisa

Intureka yatanguye kuri uyu wa mbere nyuma y'aho hiciwe abasirikare batatu

Amakauru aturuka mu bavuzi avuga ko umuntu umwe yishwe abandi 14 bagakomereka mu gisagara ca Kenya ca Garisa.

abanyamakuru bari muri ico gisagara bavuga ko abo bantu barashwe n'abasirikare binjiye mw'ishure ryisumbuye.

Batatu mu bakomeretse n'abana b'abanyeshure b'abahungu.

Abasirikare batanguye gukubita no gupfunga abantu kuri uyu wa mbere inyuma y'aho abasirikare batatu ba Kenya biciwe muri ico gisagara.

Urudanadazwa, amashure n'ibiro vya leta biruhaye , abasirikare bakaba bariko barakizura amabarabara.

Ministre wa Kenya ajejwe kwivuna abansi avuga ko atatanze uruhusha rw'ibikorwa vya gisirikare muri Garisa.

Uruharagara muri ico gisagara ruje inyuma y'urundi rwari rumaze iminsi ibiri rwadutse muri district ya Eastleigh ku murwa mukuru Nairobi inyuma y'ahpo abantu 10 bahitaniwe na grenade yateye minibus barimwo ku munsi wa mungu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.