21 bakomerekejwe n'igisasu mw'ibisi i Tel Aviv

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:38 GMT
Ibisi yaturikiyemwo igisasu i Tel Aviv

Ibisi yaturikiyemwo igisasu i Tel Aviv

Abantu bashika ku mirongo ibiri n'umwe bakomerekejwe n'igisasu mw'ibisi mu muji wa Tel Aviv muri Israel.

Ico gisasu caturikiye aharabana n'ibiro bikuru vya Israel bijejwe kwivuna abansi, kw'ibarabara ry'uwo muji riri muyagendwa cane.

Igipolisi kiriko kirarondera abantu babiri bakekwa kuba bateze ico gisasu.

Umuvugizi wa Hamas yishimiye ico gisasu, anabarira umunyamakuru wa BBC ari i Gaza ko iyo nkuru yakirijwe umunezero mwinshi, abantu bakaza bararasa mu kirere.

Hagati aho ukurasana kurabandanya hagati ya Hamas n'igisirikare ca Israel muri Gaza no mu bumanuko bwa Israel.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.