Ingorane z'abanyagihugu inyuma y'ifatwa rya Goma

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:12 GMT

Imounzi zo mw' ikambi ya Mugunga, hafi ya Goma

Abatang'infashanyo bavuga ko bigoye gushikira benshi mu mpunzi zirenga 100 000 mu muji wa Goma umaze iminsi mu minwe y'umurwi M23.

Abo bagiraneza bavuga ko ibifungurwa, amazi n'imiti bikenye mur'uwo muji wa Goma.

Bavuga ko hashobora kwaduka ikiza ca Cholera.

Abategetsi bo mu karere k'ibiyaga binini bari mu nama muri Uganda kuganira kur'iki kibazo c'umutekano mu buseruko bwa Congo.

Umukuru w'umurwi w'abarwanyi ba M23 nawe nyene yitezwe mur'iyo nama.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.