Misiri: Imyiyerekano yo kwiyamiriza Mursi irabandanya

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 12:02 GMT
Abari mu myiyerekano i Cairo mu Misiri

Abari mu myiyerekano i Cairo mu Misiri

Abatavuga rumwe na leta ya Misiri bavuga ko bagiye kubandanya ibikorwa vyo kugagaza mu muji wa Cairo, biyamiriza ingingo y'umukuru w'igihugu Mohammed Mursi yo kwiha ububasha bw'ikirenga.

Isinzi ry'abantu bari bahuriye mu kibanza ca Tahrir Square kuva ejo kuwa Gatanu, ariko mu gitondo c'uno munsi bari batanguye kuhava, amakuru akavuga ko abapolisi barashe ivyuka bikoroza amasozi.

Abantu barenga ijana baramaze gukomerekera mu myiyerekano mu gihugu cose.

Umukuru w'igihugu Mursi avuga ko ariko arerekeza Misiri ku kwishira n'ukwizana hamwe na demokrasi.

Itegeko yashizeko kuwa Kane, ribuza kuvuguruza ingingo ziwe kandi avuga ko ata sentare n'imwe ishobora gufuta inama nshingamateka, ubu iriko irategura ibwirizwa shingiro rishasha.

Iryo tegeko kandi risaba gusubiramwo imanza z'abantu bahamijwe icaha co kwica mu migumuko yo mu Misiri mu 2011 yakuye ku butegetsi Mubarak.

Leta zunze ubumwe za Amerika zavuze ko zihangayikishijwe n'ibintu biriko birabera mu Misiri.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.