M23 yabasabwe guhagarika imirwano

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 18:02 GMT
Abarwanyi ba M23

Abarwanyi ba M23

Inama y'abakuru b'ibihugu bane yahamagariye abarwanyi ba M23 mu buseruko bwa republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, guhagarika imirwano.

Abo bakuru kandi babariye M23 kuva mu muji wo mu buseruko bwa Goma, bafashe ku munsi wa Kabiri.

Ariko kandi, umukuru wa Kongo Joseph Kabila yabwiwe kumva ibisabwa n'abo barwanyi.

Umukuru w'igihugu Kabila hamwe na bagenzi biwe, uwa Uganda n'uwa Tanzania, bitavye ivyo biganiro, ariko Paul Kagame w'u Rwanda ntiyaje, akaba yaserukiwe n'umushikirangaji ajejwe imigenderanire.

Umunyamakuru wa BBC yakurikiye iyo nama yavuze ko bamwe mu bakuru ba M23 nabo nyene bari i Kampala.

Abo bakuru b'ibihugu bane basohoreye hamwe urwandiko basaba M23 guhagarika imirwano ikava mu muji wa Goma.

Bayisavye kandi guhagarika ivyo kuvuga ko izotembagaza leta yagiyeko biciye mu matora.

Iyo nama yabereye muri Uganda, igihugu cagirizwa hamwe n'u Rwanda gufata mu mugongo M23.

Ivyo bihugu vyombi birahakana ivyo vyagiriji.

Umuryango mpuzamakungu ONU wagabishije ko ibintu bishobora kuyangara mu gihe ibifungurwa n'imiti bitanguye guhera.

Imigwi yitwaje ibirwanisho imaze imyaka ishika 20 irwanira akarere kuzuye amabuye y'agaciro mu buseruko bwa Kongo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.