Misiri: Amashirahamwe ategamiye leta ariyamiriza ingingo ya Mursi

Ibiherutse kuvugururwa: 25 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 12:42 GMT
Abo mu mashirahamwe ategamiye leta mu Misiri

Abo mu mashirahamwe ategamiye leta mu Misiri

Amashirahamwe arenga 20 aharanira agateka ka zina muntu mu Misiri ariyamiriza ingingo y'umukuru w'igihugu Mohammed Mursi yo kwiha ububasha bw'ikirenga.

Amashirahamwe 22 yashize umukono kw'ikete rivuga ko umukuru w'igihugu yahohoteye bimwe bikomeye ubucamanza bwa Misiri.

Umunyepolitike atavuga rumwe na leta, Mohamed ElBaradei yavuze ko ata biganiro bishoboka na bwana Mursi mu gihe itegeko yashizeko kuwa Kane rikiriho.

Haramaze kuba imyiyerekano ikomeye, imwe ishigikira iyindi yiyamiriza ingingo ya bwana Mursi.

Umugambwe Muslim Brotherhood, ushigikiye uwa bwana Mursi, Fredom and Justice Party, wahamagaje imyiyerekano mu gihugu cose ku mugoroba, yo gushigikira iryo tegeko.

Uwo mugambwe wa ki Islam wahamagaje urugendo rw'abantu umuriyoni ruzobera mu kibanza ca Abdin Square kuwa Kabiri.

Abadashigikiye iryo tegeko nabo bahamagaje imyiyerekano kuwa Kabiri nyene.

Hakurikijwe iryo tegeko, nta numwe ashobora kuvuguruza ingingo y'umukuru w'igihugu.

Iryo tegeko kandi ririmwo ingingo ibuza ifutwa ry'inama nshingamateka, ubu iriko irategura ibwirizwa shingiro rishasha.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.