Ibisigarira vya Yasser Arafat vyazuwe

Ibiherutse kuvugururwa: 27 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:45 GMT

Uruhafu rushinguye Arafat rwakingiriwe igihe bamuzura

Abatunganije igikorwa co kuzura Yasser Arafat bafashe ku bisigarira vyiwe, ariko inyuma y'amsaha menshi bongera kuzibira imva yiwe.

Abahinga bazoheza basuzume ivyo bice vy'ibisigarira vya Yasser Arafat, ariko rero ikizovamwo nticitezwe mur'iyi minsi yavuba, ngo bishobora gufata amezi.

Arafat amaze imyaka umunani ashengeye, azize ingwara y'igihe gito itashoboye kumenyekana neza.

Kuzura ibisigarira vyiwe gukwirikiye ikiganiro caciye kuri Television cemeza y'uko ku mpunzu ziwe basanze ko uduce tw'ubumara bita polonium.

Abanyapalestina benshi baraketse ko umukuru wabo yoba yishwe na Israel, ariko Israel yarabihakanye cane.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.