ONU: M23 yoba itanguye kuva Goma

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 11:33 GMT
Uwujejwe ibikorwa vyo guhagararira amahoro muri ONU, Herve Ladsous

Uwujejwe ibikorwa vyo guhagararira amahoro muri ONU, Herve Ladsous

Umuryango mpuzamakungu, ONU, uvuga ko hari ibimenyetso vyerekana ko M23 yatanguye kuva Goma ejo ku mugoroba.

Ariko uwujejwe ibikorwa vyo guhagararira amahoro muri ONU, Herve Ladsous, yavuze ko ibintu bidatomoye neza, ngo bigomba kubanza kwemezwa n'abasirikare ba ONU bari i Goma.

Umukuru wa gisirikare wa M23, Sultani Makenga, yavuze ko uwo mugwi uzova i Goma kuwa Gatanu.

Ariko hari amakuru avuga ko ishami rya politike rya M23 ryoryo rizoguma mu muji wa Goma.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.