Misiri: Sentare y'ibwirizwa shingiro yahagaritse ibikorwa

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 15:41 GMT
Abashigikiye Mohamed Morsi

Abashigikiye Mohamed Morsi

Sentare nkuru y'ibwirizwa shingiro mu Misiri yahagaritse ibikorwa ubutagisubira yiyamiriza igitugu ishirwako.

Kare abagendera ku matwara ya Islam bari mu myiyerekano babujije abacamanza kugira inama i Cairo ngo bafate ingingo ku nteguro y'ibwirizwa shingiro.

Abashigikiye umukuru w'igihugu Mohammed Morsi bashaka kubuza ingingo iyo ariyo yose yoza ivuga ko iyo nteguro idakurikije amategeko.

Iyo sentare yavuze ko uno munsi wa Mungu ariwo wa mbere mubi mu mateka y'ubucamanza bwa Misiri.

Ibi vyabaye kuri uyu wa Mungu vyiyongeye ku kundi guhangana kumaze iminsi hagati ya bwana Morsi n'aba Muslim Brotherhood bamushigikiye ku ruhande rumwe, hamwe n'abanye politike bategamiye ku madini n'abacambanza ku rundi ruhande.

Bwana Morsi yashizeko itegeko rimuha ububasha bw'ikirenga ku tariki 22 z'ukwezi guheze, yaka abacamanza ububasha bwo kumuvuguruza, rero ico sentare nkuru y'ibwirizwa shingiro ishobora gukora ntigisigutse neza.

Ariki abihweza utuntu n'utundi bavuga ko ingingo iyo ariyo yose yiyamiriza ingingo za Morsi yofatwa n'iyo sentare, yoba ari ikimenyetso co guhangana nawe kandi vyoha ingoga abo batavuga rumwe zo kumubwiriza gufuta itegeka yashizeko.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.