NATO igabisha Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 16:12 GMT
NATO

Turkia isaba NATO gushinga ibisasu bitegera ibishobora kuva muri Syria

Urunani rwa Bulaya rwo kwivunira umwansi hamwe OTAN rugabisha Syria ko hamwe yoramuka ikoresheje ibigwanisho vy'ubumara, amakungu azoyihagurukira.

Ivyo vyavuzwe n'umunyamabanga mukuru w'urwo runani Anders Fogh Rasmussen mu gihe intambara zikomeye zibandanya hirya no hino y' umurwa mukuru wa Syria, no mu yindi mihingo y' ibihugu.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN yavuze ko hamwe ubutegetsi bwa Syria bworamuka bukoresheje ibirwanisho vy' ubumara(armes chimiques) , yiteze ko amakungu azoca ahugurikira rimwe kugira ico abikozeko mu maguru masha.
Abagize urwego rwa OTAN bateganya gukorana ngo basabe Turkiya gushira ku rubibe bahana na Syria, ibisasu bitangira bigahushisha ibindi bisasu intumbero.
Intambara zabaye ndanse muri Syria zatumye ishirahamwe ONU rigabanya abakozi baryo mur' ico gihugu. Nayo ishirahamwe rya Bulaya ryabakuyeyo bose.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.