Uburundi n'ubw'i 165 mu kurya ruswa

Ibiherutse kuvugururwa: 5 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 15:26 GMT
Ikigo kirwanya ruswa kw'isi

Ikigo kirwanya ruswa kw'isi

Muri ibi bihe bitoroshe vy’ubutunzi na politike n’ibihe bigoye cane kugwanya ibiturire. Iki cegeranyo kivuga ko ibihugu vy’abarabu no mu buseruko bwo hagati vyagize imyiyerekano ikomeye mu musi iheze biracafise ingorane yo guhangana n’ico kibazo. Igihugu ca Somalia, hasa n’uko hoba hari reta ubu, kiri mu kibanza ca nyuma kw’isi, ariko harabaye akarusho mu bindi bice vya Afrika nko muri Botswana. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe Transparency International Chandu Krishnan avuga ko ibihugu vya Afrika bifise ingorane bisangiye.

“ muri rusangi ingorane ijanye n’uko mufise inzego zidakomeye zikorera ivyazo, kandi mufise abantu muri reta n’abakora politike badashobora kubazwa ivyo bakoze n’abanyagihugu. Iryo bura ry’umuco no kubazwa ivyo bakoze ni co kibazo gikomeye kubera ivyo vyose bituma haba amareta atagira inguvu, aho ibiturire bica bikwira hose. Abategetsi bakoresha nabi uburyo hatangwa amasoko kugira bikwegereko ubutunzi budaciye mu mategeko.”

Ishirahamwe rya Transparency International ryashinzwe mu 1993, rikaba rivuga ko kuva ico gihe ibiturire cabaye kimwe mu bibazo bivugwa cane kw’isi, n’aho hari intambwe zimaze kwibonekeza mu bihugu vyinshi. iki cegeranyo cashizwe ahabona uyu musi cihweza uko abantu babona igiturire mu buzi bwa reta mu bihugu 176, ariko nticishimikje amatohoza y’abahinga. Ishirahamwe Transparency International rivuga ko ibiharuro bitanzwe n’abahinga bigoye kuronka kandi ko rimwe na rimwe vyerekana gusa ingene abashingwamanza baguma bavuga bongera bavuga ivyerekeye igiturire hagutora inyishu yerekeye ico giturire nyene.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.